Amnesty International isaba ECOWAS kwirukana Gambia

Umukuru wa Gambia Yaya Jammeh Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Yaya Jammeh avuga ko ari ibisanzwe gupfyira mu munyororo

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Amensty International, ryasavye ishirahamwe ry'akarere k'uburengero bwa Afrika, ECOWAS, kwirukana Gambia ibintu nibitahinduka.

Amnesty ivuga ko leta ya Gambia yakoze ico yita ihohoterwa ry'abanyepolitike batavuga rumwe na leta imbere y'amatora yo mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Ngo abashigikiye abatavuga rumwe na leta barenga mirongo itanu barindiriye gucibwa urubanza, nayo abashika mirongo itatu na batandatu bapfunzwe ata rubanza baracibwa.

Umwe mu banyepolitike batavuga rumwe na leta yaguye mu munyororo nyuma yo gukubagurwa.

Mu kwezi guheze umukuru w'igihugu, Yahya Jammeh, yavuze ko atazotegeka ko haba itohoza, avuga ko ari ibisanzwe ko impfungwa zipfira mu munyororo.

Ibindi bisa n’ibi