Mu karere Muhammad Ali yibukwa gute?

Muhammad Ali and Georges Foreman Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ali yishimikije imigozi akubita ingumu yikurikiranya Foreman, aba umuntu wa kabiri muri kahise k'urwo rukino ashoboye gusubira gutsindira umudari mu bafise ibiro vyinshi, afise imyaka 32.

Muhammad Ali yaje mu gihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Congo mu kwezi kw'icumi mu mwaka wa 1974 aje guhiganwa na Georges Foreman.

Urwo rukino rwahuje abo banyamerika babiri rwabaye itariki 30 z'ukwezi kw'icumi mu 1974 ku kibuga citwa ico gihe "stade du 20 Mai" ubu citwa "Stade Tata Raphael".

Igico gihe RDC yari icitwa Zaire, irongowe na Mobuto Sese Seko, yaciye abaha ikibanza co kwimenyererezamwo ku kirimba ciwe kiri I N'sele, ku birometero 80 uvuye ku mugwa mukuru I Kinshasa.

Urwo rukino rwarorerewe n'abantu benshi.

Image caption Marcel Nzau Mayamba, umunyamabanga mukuru w'urukino rwa Boxe mu gihugu ca RDC

Marcel Nzau Mayambula, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'abagira urukino rwo gukubitana ingumu mu gihugu ca RDC, yari afise imyaka 22, akaba yaragiye kurorero urwo rukino.

"Muhammad Ali ntiyagwanye nk'uko yahora. Kenshi yakunda gusimbagurika, ariko ico gihe nta vyo yakoze, ku buryo n'abamufasha mu kwimenyereza nka Bundini Brown bari bagize ubwoba," nk'uko bivugwa na Marcel Nzau Mayambula.

"Georges Foreman yarabangamiye cane Muhammad Ali mu bice bitandatu vya mbere."

Muri urwo rukino, vyagaragaye ko Muhammad yari yazanye ayandi mayeri yo kubanza kuruhisha uwo bariko barahiganwa.

Bageze ku gice c'indwi, haheze iminota 21 y'urukino, Muhammad Ali, yarivyukoranije arakubita ingumu nyinshi Georges Foreman, abaje kurorera bose batangura kuririmba ngo:" Ali boma yee" bisobanura ''Ali Mwice''

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Muhammad Ali

Ali yanesheje Foreman ku gice kigira umunani(8eme round canke 8th round).

Abaririmvyi benshi rurangiranwa muri ico gihe bararimvye Muhammad Ali, nka Tabu Ley yahayagije intsinzi yiwe mu ruririmbo yise " 8eme round".

Abana benshi bavutse muri ico gihe, abavyeyi babo babahaye izina rya Mohammad Ali.