Ibitero vy'indege mu gisagara ca Alep

Aleppo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Intambara zo mu gisagara ca Alep zimaze guhitana abantu amajana n'amajana

Inkuru ziva muri Syria zivuga ko indege zagize ibitero vyinshi mu turere turimwo abagwanyi mu gisagara ca Alep.

Abakozi bajejwe gutabara bavuze ko bamaze kwegeranya ibiziga 20 bakuye mu bibanza bitandukanye.

Hari kandi inkuru zivuga ko uturere tw'ico gisagara turi mu minwe ya reta, twatewe amabombe n'ababarwanya.

Itororokanirizo ry'amakuru rya rya reta ryavuze ko abantu nka 24 bishwe ejo, mu bitero nk'ivyo.