Elizabeth Hesselblad yagizwe umweranda

Pope Francis Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Papa Francis yagize aberanda Elizabeth Hesselblad na Stanislaus Papczynski

Elizabeth Hesselblad yafashije imiryango myinshi y'abayahudi mu ntambara ya kabiri y'isi yose yabaye umunye Swede wa mbere agizwe umweranda mu myaka irenga amajana atandatu.

Uwo mupfasoni yaranyegeje abayahudi barenga mingo mu nzu z'abihebeye Imana i Roma, aho yari asanzwe arongoye umubikira arongoye abandi.

Papa Francis yagize kandi umweranda Stanislaus Papczynski, umunye Pologne yavuza akongera agaha indaro abakene mu kinjana ca 17.

Ni we yashinze umugwi wa mbere w'abapadiri bashimagiza Bikira Maria (Peres Mariens canke Marian Fathers)