Isegenya yahitanye 3 muri Australia

Collaroy Beach Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Collaroy, agace kari muri Sydney, amazi n'imikuba bibangamiye ababa ku nkengera z'amazi

Amakuru aturuka muri Australia yemeza ko abantu batatu ari bo bamaze kumenyekana ko bishwe n'amazi y'imyuzure yateye mu turere twa New South Wales na Canberra.

Abandi bantu babiri baburiwe irengero.

Ubuseruko bwa Australia bwiziziwe n'imvura y'igihuhusi itera yerekeza mu bumanuko bwa Queensland.

Ikirere kinini c'ubutaka carengewe n'amazi, abari ku nkengera z'ibiyaga bakaba aribo bamerewe nabi n'imikuba.

Mu turere tugera ku 20, abahaba baronse imburi ko ibintu bishobora kumera nabi.

Abantu baharurwa mu majana bimuwe mu ma leta atandukanye y'ico gihugu.

Ahabangamiwe kurusha ahandi n'ivyo bihe bibi vy'imvura, ni cane cane mw'izinga rya Tasmania, aho amabarabara menshi yugaye, amazu agera ku 4000 nayo ntagira umuyagankuba.

Ibindi kuri iyi nkuru