Umu Hindu yakerewe izosi muri Bangladesh

Ibitero vyizizira amdini atandukanye arimwo aba Hindu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Habaye imyiyerekano mu gihugu yo kwiyamiriza ibitero

Ikiziga c'umwigisha wo mw'idini ry'aba Hindu bagisanze mu mirima y'umuceri, izosi risa n'iryatandukanye n'umutwe.

Urupfu rw'uyu mu Hindu rikwirikiye ibindi bitero vyinshi bikekwa ko vyakozwe n'abarwanyi biyitirira idini rya Islamu ku ba Hindu, aba Kirisu n'abandi batagira aho begamiye mu madini, eka n'inkehwa zo muri ico gihugu.

Hagati aho igipolisi ca Bangladesh kimenyesha ko carashe abantu batatu bakekwa kuba mu murwi w'abarwanyi bishimikiza idini rya Islamu.

Babiri barasiwe mu mukwabu w'igipolisi mu muji wa Dhaka, aho polisi ivuga ko ari abo mu murwi 'Jama'atul Mujahideen Bangladesh'.

Uwundi agira gatatu yarasiwe mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu, mu gace ka Rajshahi.

Nawe nyene akekwa kuba mu murwi umwe n'abo babiri, kandi ko yari afise uruhara mu gitero c'igisasu cagabwe mu mezi aheze.