Al Shabab yagize igitero ku ngabo za Ethiopia

Al-Shabab Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Bubaye ubwa mbere al-Shabab igira igitero ku basirikare ba Ethiopia

Abagwanyi b'umugwi wa Al-Shabab bavuga ko bishe abasirikare ba Ethiopia 40 mu gitero bagize ku ngabo z'ubumwe bwa Afrika hagati mu gihugu ca Somalia.

Ababa i Halgan babwiye BBC ko bumvise ibintu biturika cane vyakurikiwe no kurasana gukomeye.

Muri Amisom bemeje ko ico gitero cabaye ariko bakavuga ko "umwansi yatujijwe bikwiye".

Amisom ifasha reta ya Somalia mu ntambara yo kwigarurira uturere turi mu minwe ya al-Shabab.

Mu butumwa bwinshi bwa Twitt, bavuze ko abasirikare babo bari kumwe n'aba Somalia, "basubije inyuma abateye, ubu bataye bakomoka, bakaba bakiriko barabakurikirana".