Abakoze igitero i Tel Aviv bategerezwa kubibazwa

Benjamin Netanyahu Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu yiyemeje guhana bikomeye abagize igitero i Tel Aviv

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yiyeme guhana bikomeye abagize igitero cahitanye abantu i Tel Aviv.

Abanye Palestine babiri bitwaje inkoho barashe mu buriro, bica abantu bane, bakomeretsa abandi batandatu.

Abagirizwa ubwo bwicanyi babiri, abavyara baturuka West Bank, bahagaritswe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igitero cabaye igihe hari abantu benshi

Umwe yishwe arashwe.

Reta ya Israel yarahagaritse impusha zo kwinjira muri ico gihugu 83,000 z'abanye Palestine mu kiringo ca Ramadan.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igisirikare ca Israel camaze gushika mu ntara ya West Bank

Ibinyamakuru vyo muri Palestine bivuga ko igisirikare ca Israel cazungurutse ikigwati ca Yatta kiri mu ntara ya West Bank, aho abo bagirizwa ivyo bitero baturuka.

Mu kwishura, umugwi wa Hamas wakeje abakoze ubwo bwicanyi, uvuga ko ari intwari.