Ibirori vyo gusezera Muhammad Ali vyatanguye

Muhammad Ali Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibirori vyo gusezera ubwa nyuma Muhammad Ali biriko birabera mu gisagara ca Louisville

Ibirori vyo gusezera umunonotsi rurangaranwa mu gukubitana ingumu, Muhammad Ali vyatanguye muri reta ya Kentucky.

Yitavye Imana mu ndwi iheze afise imyaka 74.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi, harimwo aba Islam bavuye hirya no hino kw'isi, bitavye amasengesho ariko arabera mu kibanza ca Freedom Hall mu gisagara Ali yavukiyemwo ca Louisville.

Ivyo birori biriko biraca kuri television, aba Islam benshi bakaba bizeye ko biza kwereka inze y'idini rya Islam mu buzima bwa Amerika.

Imam w'i California, Zaid Shakir ni we arongoye igisabisho.

Yari iruhande ya Muhammad Ali igihe yasandaba.