Abantu benshi baje gusezera Muhammad Ali

Muhammad Ali Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu benshi bitavye amaziko ya Muhammad ali

Abantu ibihumbi n'ibihumbi baritezwe kuza gusezera umunonotsi rurangiranwa Muhammad Ali ku muhana iwe mu gisagara ca Louisville mu ntara ya Kentucky.

Uwo munonotsi wa mbere muri urwo rukino mu bafise ibiro vyinshi, yitavye imana mu ndwi iheze afise imyaka 74.

Isinzi ry'abantu baraza guherekeza ikiziga ciwe bagicishe mu bibanza bihambaye vyaranze ubuzima bwiwe imbere yo kumusabira.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Muhammad Ali yamenyekanye mu gukubitana ingumu no guharanira agateka k'abirabure

Muhammad Ali yunamiwe nk'umuntu yemewe n'abantu bose kw'isi mu kinjana giheze, abaza gufata amajambo bakaza gushimagiza instinzi ziwe co kimwe n'igikorwa co kwanka akarenganyo.

Vyotezwe ko uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Amerika, Bill Clinton ari we aza gushikiriza ijambo nyamukuru.