Babiri bahitanywe na grenade mu Burundi

Bujumbura
Image caption Ifoto yerekana imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza mu 2015.

Abantu babiri bitavye Imana abandi batanu barakomereka bazize grenade yatewe n'umusirikare mu ntara ya Ngozi mu buraruko bw'Uburundi.

Ivyo vyabereye ku gituro c'amakinga yunguruza abantu kiri iruhande y'ishure ritoyi rya Ngozi 4.

Uwurongoye komine Ngozi, Radjabu Songambere, yabwiye BBC ko iyo grenda yatewe n'umusirikare w'ipeta rya Caporal, Ntunzwenayo Christophe, numero 10954 wo muri Brigade y'i Ngozi, muri bataillon ya 312.

"Yuguruye grenade imwe ashaka kuyitera imuturikira ko, iyindi na yo ntiyashoboye kurugurura," uko no ko Songambere avuga.

Ntiharamenyekana icatumye uwo musirikare atera iyo grenade.

Hari iyindi grenade yari yaturitse ejo ku wa mbere muri zone kanyosha iri mu gisagara ca Bujumbura.

Ibitero vya grenade vyaravuzwe cane muri aya mezi, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura ariko ntivyari bwashike i Ngozi.