Abanyeshure 230 birukanywe bazira ifoto ya prezida

Pierre Nkurunziza
Image caption Abanyeshure barenga 200 b'imwe kw'ishure ryo mu ntara ya Ruyigi birukanywe bazira gusibanganya ifoto z'umukuru w'igihugu

Abanyeshure 230 bo kwishure ryisumbuye rya Gahinga mu ntara ya Ruyigi mu buseruko bw'igihugu birukanywe igihe hariko haraba amatohoza ku basibanganije ifoto y'umukuru w'igihugu mu bitabo bigiramwo.

Hasanzwe harashingishijwe urubanza ku banyeshure 11 bo mu yindi ntara yo hagati mu gihugu bagirijwe icaha co gutuka w'igihugu nyuma yo gusibanganya ifoto yiwe mu bitabo bakoresha.

Abanyeshure amajana abiri na 34 bo kw'ishure rya Gahinga muri commune Gisuru mu ntara ya Ruyigi kuri uyu wa kabiri ntibatonze kw'ishure.

Abategetsi b'ishure bababwiye ko boguma iwabo mu gihe bariko barakora amatohoza kugira bamenye abasibanganije ifoto y'umukuru w'igihugu mu bitabo 27 basanzwe bakoresha.

Abo banyeshure n'abo mu mashure ane y'imyaka y'umunani n'icenda.

Ku bw'umukuru w'ubuyobozi bw'amashure aho mu Ruyigi Guillaume Kwizera, ku wa mbere bamaze kubona ko ifoto yasibanganijwe, abanyeshure bahejeje gukora ikibazo ca mbere basabwe kwandika mw'ibanga abo bibaza ko babikoze.

Yavuze ko aho baboneye ko bose ata n'umwe ashatse kubikora baciye babirukana kugira amatohoza akorwe n'ubu akaba akibandanya kugira banamenye ryari vyakozwe n'imvo yabitumye.

Ishure rya Gahinga ribaye nibura irya gatatu rivuzweko ivyo gusibanganya ifoto y'umukuru w'igihugu.

Aho vyahereye mu mpera z'ukwa gatanu ni mu Ruziba mu bumanamuko bwa Bujumbura.

Ata minsi ihaciye vyavuzwe kw'ishure rya commune Muramvya, ho abanyeshure 11 bakaba bari imbere y'ubutungane, 5 muri bo baburana bapfunzwe mu rubanza bagirizwamwo icaha co gutuka umukuru w'igihugu gihanishwa umunyororo wo kuva ku myaka itanu gushika kuri 10.

Mu gipolisi bavuga ko amatohoza ya mbere bagize abereka ko hari imvo za politike ziri inyuma y'iyo nyifato, ariko no kuyoberw mw'ishure ngo biri mu bituma inyifato idasanzwe mu mpera z'umwaka.