Habonetse ibisigarira vy'ingede ya EgyptAir

victims Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu mirongo itandatu na batandatu ni bo basize ubuzima muri iyo sanganya y'indege

Abategetsi ba Misri bamenyesha ko ibisigarira vy'indege ya EgyptAir yakorokeye mu kiyaga Mediteranee mu kwezi guheze itwaye abantu 60 vyabonetse aho biri.

Insiguro zatanzwe n'akanama kajejwe amatohoza y'iryo sanganya zivuga ko, ubwato bwariko burarondera ibisigarira vy'iyo ndege bwashoboye kubona ibibanza vyinshi birimwo ibisigarira vy'iyo ndege ya A320, buranerekana ifoto ya mbere yavyo.

Ubu uwo mugwi ujejwe amatohoza uri muri ubwo bwato uzocapa ikarata yerekana neza na neza ivyo bisigarira aho biri.

Iyo ndege yaburiwe irengero n'ivyuma bijejwe kuyiyobora, yari ivuye mu gisagara ca Paris yerekeza i Cairo mu Misri.

Mu gihe hari abibaza ko yazize igitero c'iterabwoba, ariko nta mugwi n'umwe uriyitirira iryo sanganya ry'iyo ndege.