Ubwongereza bwatoye kuva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Ubwongereza bwatoye kuva muri EU

Ibice 52 kw'ijana vy'abongereza bitavye amatora ya kamarampaka bemeje ko ico gihugu cova muri EU cari kimazemwo imyaka 43.

Abantu baba mu gisagara ca Londres na Scotland ni bo bitavye amatora ari benshi bemeza kuguma muri EU.

Abaraba ibintu n'ibindi muri politike bafise amakenga ku nkurikizi z'uko Ubwongereza buvuye muri iryo shirahamwe ku masoko, muri politike i Buraya no mu bindi bihugu.