Ecosse ishobora gufata ingingo yo kwiyonkora kuri UK

scotland
Image caption Amatora ya kamarampaka y'Ubwongereza ashobora gutuma Ecosse gikoresha ayandi yo kwiyonkora kuri ico gihugu

Igihugu ca Ecosse gishobora gufata ingingo yo gukoresha amatora ya kamarampaka yo kwiyonkora ku Bwongereza.

Umutegetsi wa Ecosse, Nicola Sturgeon, yavuze ko afatiye kuri kamarampaka yo kuva mw'ishirahamwe EU, ubu bigaragara ko kazoza kabo bakabona muri EU.

Ayo majambo ya Sturgeon akurikiye ivyavuye mu matora vyerekanye ko ku ruhande runini Ecosse yatoye kuguma muri EU.

Abaraba ibintu n'ibindi muri politike bavuga ko, kuba hashobora kuba ayandi matora ya kamarampaka yo kuraba nimba Ecosse gishaka kuvana n'Ubwongereza bigaragara cane.

Uwufise ububasha kw’isanamu STEFAN ROUSSEAU PA
Image caption Umutegetsi wa Ecosse, Nicola Sturgeon, yavuze ko afatiye kuri kamarampaka yo kuva mw'ishirahamwe EU, ubu bigaragara ko kazoza kabo bakabona muri EU.

Umukuru w'umugambwe wa Irish Republican, Sinn Fein, azwi kw'izina rya Declan Kearney), amatora ya kamarampaka yabaye mu Bwongereza yatumye haba ukwibaza ko hoba ayandi matora yerekeye ubumwe bwa Irland.