Ishirahamwe rya Buraya riri mu biganiro ku Bwongereza

Ishirahamwe rya Buraya Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abashikiranganji bajejwe imigenderanira b'ibihugu vyashinze ishirahamwe rya Buraya baraganira ku kuvamwo kw'Ubwongereza

Umushikiranganji w'Ubudage ajejwe imigenderanire, Frank-Walter Steinmeier, yavuze ko ishirahamwe rya Buraya ritagomba guhinda icoba canke guhagarika umutima nyuma yo kuvamwo kw'Ubwongereza.

Bwana Steinmeier ivyo yabivuze aho yaja mu nama i Bruxelles ahuriramwo na bagenzi biwe bo mu bindi bihugu bitanu vyashinze ishirahamwe rya Buraya.

Abo bashikiranganji batandatu bajejwe imigenderanire bo mu Budage, Ubufaransa, Ubutaliyayo, Ububirigi, Luxembourd hamwe n'Ubuholandi, baraganira ku ngingo hamwe no kunyarutsa kuva kw'Ubwongereza mw'ishirahamwe.

Umukuru w'urwego rujejwe ubutunzi n'ivy'amafaranga mw'ishirahamwe rya Buraya, Pierre Moscovici, yabariye BBC ko Bruxelles ikeneye kwubaka Uburaya bugaragara neza kugira imigambwe igira ki bivugwa na benshi irwanywe.

Ibindi bisa n’ibi