Impungenge muri Aziya y'ubuseruko kubera Ubwongereza

Amasoko y'imitahe muri Aziya Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Amasoko y'imitahe muri Aziya y'ubuseruko vyitezwe ko ahungabana kuwa mbere kubera itora ryo mu Bwongereza

Ubushinwa, Ubuyapani na Korea y'epfo vyamenyesheje ko bifise impungenge ku butunzi nyuma y'aho Ubwongereza butoreye kuva mw'ishirahamwe rya Buraya.

Umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe ubutunzi yavuze ko iyo ngingo izotuma haba urujijjo ku butunzi bw'isi igihe kire kire.

Umwe mu bategetsi bo ku rwego rwo hejuru mu Buyapani yavuze ko ico gihugu kigomba kwitegurira guhangana n'imvururu ku masoko y'amafaranga.

Nayo Korea y'epfo yo ivuga ko ivyavuye muri kamarampaka mu Bwongereza bizohindura ukuntu ubutunzi butunganije kw'isi.

Ivyo bihugu uko ari bitatu vyiteguriye ingorane zishobora kuba zikomeye mu vy'ubutunzi, amasoko y'imitahe niyafungura kuwa mbere mu buseruko bwa Aziya.

Ibindi bisa n’ibi