Israel na Turkia barangije amatati bari bafitaniye

Mavi Marmara Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubwato Mavi Marmara, bwari butwaye abatanga imfashanyo muri Gaza bwahagurutse ku kivuko ca Istanbul itariki 22 z'ukwezi kwa gatandatu mu 2010

Israeil na Turkia bagaruye imigenderanire, barangiza amatati yaturutse kw'iyicwa ry'aba turke 10 n'igisirikare ca Israel mu karere ka Gaza.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yavuze ko ari intambwe ikomeye ishobora guteza imbere ubutunzi bw'ico gihugu.

Prezida wa Turkia, Recep Tayyip Erdogan yerekanye icizere ko bishobora gutuma abo mu karere ka Gaza baronka imfashanyo.

Uwo mwumvikano uzotuma Turkia kijana imfashanyo mu turere twa Palestine, bunarangurireyo imigambi y'ubwubatsi.

Israel kandi kizoriha indishi y'akababaro ya miliyoni 20 z'amadollars ku miryango y'abagiraneza bishwe n'igisirikare c'ico gihugu.

Ibindi biri muri ayo masezerano vyitezwe ko bimenyeshwa hanyuma n'umushikiranganji wa mbere Netanyahu i Roma hamwe na mugenzi we Binali Yidirim, i Ankara.