Abasirikare ba Amisom bamaze amazi 6 badahembwa

Amisom soldier Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abasirikare ba Amisom bamaze amezi atandatu badahembwa

BBC yameneye ko abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika muri Somalia bagiye kugwanya al-Shabab bamaze amazi atandatu badahembwa.

Amahera y'abo basirikare 22,000 b'ubumwe bwa Afrika (Amisom) bari kugwanya umugwi wa al-Shabab, atangwa n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

Inkuru ziva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya zashikiriye BBC zivuga ko ayo mahera y'amezi atadatu yafatiriwe bivuye ku bibazo vyo kuyaharura.

Abategetsi ba Amisom babwiye BBC ko impapuro zitagira agatosi z'ayo mahera bamaze kuzirungika.

"Impapuro ziri mu nzira, n'amahera ari mu nzira," ni ko Francisco Madeira yavuze.

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya ritanga amadolali 1.028 kuri buri musirikare wa Amisom buri kwezi, reta yabarungitse igakurako amadolali 200 y'ibikorwa vyo mu bureau biraba abo basirikare.

Ayo mahera bahabwa arenga kure agashahara abo basirikare bahabwa n'amareta yabo.