David Cameron arabonana n'abategetsi ba EU

Angela Merkel, David Cameron and Francois Hollande Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption David Cameron arabonana n'abategetsi ba EU ubwa mbere kuva igihugu ciwe gitoye kuva muri iryo shirahamwe

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron arabonana n'abategetsi ba EU incuro ya mbere kuva ico gihugu gitoye kuva muri iryo shirahamwe.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza aza kuvugana na bo inkurikizi zo kuva muri EU n'ibikurikira mu nama ya EU mu Bubiligi.

Abategetsi b'Ubudagi, Ubufaransa n'Ubutaliano bavuze ku wa mbere ko bishoboka ko hatoba ibiganiro "Bizwi canke bitazwi" kukuva k'Ubwongereza muri Eu aho ibintu bigeze.

Hagati aho, Umushikiranganji w'amagara y'abantu, Jeremy Hunt yasavye ko hoba amatora ya kamarampaka agira kabiri yo kuraba uko Ubwongereza bwova muri iryo shirahamwe.

Yavuze ko, uko vyogenda mu kuvumwo vyofata akanya gushika imbere y'uko haba amatora yimirije, bIsigura ko borindira gushika inyuma ya 2022 habaye hagufi.

Ni umushikiranganji wa mbere ateye akamo nk'ako ku mugaragaro.