Ugasabiriza bigiye gucibwa mu gisagara ca Bujumbura?

begers
Image caption Hari igitigiri kinini c'abana, abagore, ababa mw'ibarabara n'abagendana ubumuga basabiriza hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Abantu barenga amajana abiri basabiriza hagati mugisagara ca Bujumura bafashwe n'igipolisi c'Uburundi kibitumye n'abarongoye ico gisagara.

Bagwiremwo imiyabaga (teenagers) yo mw'ibarabara, abana bakiri bato cane bazanwa na banyina gusabiriza, hamwe n'abantu bakuze barimwo abagendana ubumuga bari bakwiragiye igisagara basabiriza .

Ariko hari n'abakozi bo mu ngo, bo mu bundi buzi, canke abageze mu za bukuru baguye mu mporero bandurwa mu bandi kandi batari muri uwo murwi.

Abapolisi babafata bagaca baburiza imodoka z'igipolisi canke ama bisi yari yarondewe n'ubutegetsi bw'igisagara.

Image caption Bamwe mu bapfasoni basabiriza mu gisagara ca Bujumbura, bakoresha abana

Bose bajanywe mu kibanza kimwe aho igipolisi n'abandi bakorana ico gikorwa bariko bararaba umwidondoro w'abo kugira umwe umwe wese asubizwe iyo yaje ava.

Jacques Nshimirimana arongoye urunani rw'amashirahamwe aharanira agateka k'bana mu Burundi FENADEB avuga ko ico gikorwa cari gikenewe kuko ''hari abantu bari basigaye bagize urudandazwa ingeso yo gukoresha abana bakiri bato cane mu kubazana gusega''

Nhsimirimana avuga ko bizokworoha gufasha bene abo bantu ''umuntu azi aho abasanga, azi n'ingorane bafise kuko bose ntibazanwa mw'ibarabara n'imvo zimwe''.

Image caption Umukuru w'igisagara Freddy Mbonimpa avuga ko bategerezwa kurondera ubuzima ukundi.

Umukuru w'igisagara Freddy Mbonimpa avuga ko aja kubashikiriza ubutumwa bwo kubumvisha ko bategerezwa kurondera ubuzima ukundi.

Nta wuzi abantu basega n'abana bo mw'ibarabara ingene bangana mu gisagara ca Bujumbura ariko amashirahamwe abikurikirana agereranya ko boba baharugwa mu bihumbi.