Diamant ifise agaciro ka milioni £52 yashizwe kw'isoko

Diamant Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightSOTHEBY'S
Image caption Iyo diamant yoba yari imaze imyaka irenga imiliyaridi 2.5

Diamant yambere iri hamwe nini kw'isi iciye amapawundi arenga imiliyoni 52 z'amapawundi vyitezwe ko ishirwa kw'isoko i Londres.

Iyo dimant yiswe Lesedi la Roma, ingana n'umupira wa Tennis, yatowe muri Botswana mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Iyo diamant ifise uburemere bwa 1,109 carats(ingero y'uburemere y'amabuye y'agaciro), yoba imaze imyaka irenga imiliyaridi 2.5.

Igurishwa rya camunara, ribaye incuro ya mbere kuri diamant ingana gutyo ku mugaragaro, ryabereye i Sotherby's.

Lesedi la Rona bisigura "umuco wacu" mu rurimi rw'igi Tswana kivugwa muri Botswana, yatowe n'ishirahamwe ryimba ubutare rya Lucara Diamond Corp, mu kirombwe c'i Karowe.