Ibitero vya bombe bihitanye abapolisi 40 i Kabul

Afghanistan police Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Iyi foto y'abapolisi yafashwe itariki 20 z'ukwezi kwa gatandatu, ahari habereye igitero

Abiyahuzi bitwaje bombe bateye urukurikirane rw'imodoka z'igipolisi mu micungararo ya Kabul, bihitana 40 harimwo n'abanyagihugu, nk'uko abategetsi babivuga.

Bombe zibiri zaguye ku ku modoka zari zitwaye abahejeje ivyigwa bavuye mu misi mikuru yo kuronswa impapuro z'umutsindo mu karere kare mu burengero bw'ico gisagara.

Umukuru w'akarere ka Paghman, Haji Mohammad Musa Khan yabwiye BBC ko hari n'abandi benshi bakomeretse.

Abataliban bamaze kwiyitirira ivyo bitero vya bombe bije bikurikira igitero cagizwe ku modoka yunguruza abantu mu ngwi imwe iheze, cahitanye abantu 14.

Mu bapfuye harimwo uwujejwe umutekano w'umunya Nepal yakora ku biro nserukiragihugu vya CANADA.