Burundi: Imidari ku barongoye inzego z'umutekano

burundi soldiers
Image caption Abategetsi bakuru b'inzego zijejwe umutekano bahawe ibidari n'umukuru w'igihugu

Abarongoye inzego z'umutekano mu Burundi bahawe imidari n'uduhsimwe ku munsi mukuru w'imyaka 54 igihugu kimaze cikukiye.

Umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza yabashimiye ko bateramiye intahe yo kwikukira mu kuburizamwo abashaka kumutembagaza ku butegetsi mu mwaka uheze.

Mu gisagara ca Bujumbura ibirori vyabereye ku kibuga citiriwe uwarondeye intahe yo kwikukira umuganwa Ludoviko Rwagasore.

Ni ho ibendera ry'uburundi ryadugiye ubwa mbere mu 1962.

Umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza yashimiye abantu 15 avuga ko bitanze mu guhagararira intahe yo kwikukira.

Benshi muri abo n'abasirikare n'abapolisi uhereye ku barongoye izo nzego.

Image caption Mu bapolisi n'abasirikare bahawe udushimwe hari abatungwa agatoke mu bikorwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu

Umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare Prime Niyongabo asanzwe yari yaraye adugijwe ipete akaba lieutenant general, umukuru w'igipolisi Andre Ndayambaje, uwiperereza Etienne Ntakarutimana n'ivyegera vyabo, umukuru w'igihugu yabahaye umudari witwa ordre de merite patriotique, classe de commandeur, umwe umwe kandi amuha ibahasha ry'imiriyoni 2 z'amafaranga y'amarundi yo kubasahirikira.

Prezida Nkurunziza yavuze ko bakoze ibikorwa biremereye cane :''iyo badahaguruka nk'abagabo nyabagabo nka kurya Rwagasore yahagurutse, intahe yo kwikukira iba yarahungabanye''

Bamwe mu bambitswe imidari ariko hari abatungwa agatoke n'amakungu ko bahonyanze agateka ka zina muntu mu bikorwa vyo kurwanya abatavuga rumwe na leta canke batari bashigikiye ikiringo ca gatatu c'umukuru w;'igihugu.

Umukuru w'uburundi yavuze ko abo mu karwi kashaka gutembagaza ubugetsi batashoboye gufatwa ubu ''bari mu bihugu vyari vyabatumye. Bazobaha akazi nta ngorane. Babahe akazi iwabo baturekere intahe yo kwikukira igume itsimbatara''.

Image caption Ivyo birori vyari vyitabwe n'abaserukira ibihugu vyabo

Ibirori vy'umunsi wo kwikukira vyari vyitabwe n'intumwe zitari nke z'ibihugu vya Africa.

Hari uwahoze ari umukuru wa Tanzania Jakaya Kikwete, icegera c'umukuru wa Uganda Edward Ssekandi.

Hari n'umushikiranganji wa mbere wa Gabon n'abashikiranganji baserukiye Kenya na Angola