Ubwongereza bugiye kugabanya amakori

Kugabanya amakori biri mu ntumbero yo kwereka abarwizatunga ko imiryango y' Ubwongereza yuguruye Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Mu kwezi kwa 3 George Osborne yateganya ko ikori rizoba rigeze kuri 17% muri 2020

Umushikiranganji George Osborne, ajejwe ubutunzi mu Bwongereza, yifuza kugabanya amakori ku bagwizatunga, inyuma y'ingingo yo kuva mu Bumwe bwa Bulaya iheruka gutorwa muri kamarampaka n'abanyagihugu b'Ubwongereza.

Umushikiranganji George Osborne yasobanuye ivyo kwisungwa mu kugabanya ikori ku mashirahamwe n'amahinguriro, rikava kuri 20% rikaja munsi ya 15%.

Ivyo bizotuma Ubwongereza buja ku rugero rwa mbere ruto rw'amakori ugereranije n'ibindi bihugu bitunze.

Intumbero y'uyu mugambi kwoba ari ugushaka kuresha abagwizatunga batewe n'ubwoba kubera Ubwongereza buherutse guhitamwo kuva mu Bumwe bwa Bulaya