Igipolisi cishe uwundi mwirabure muri Amerika

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Uruhagarara kubera iraswa rya Alton Sterling

Uwundi muntu w'umwirabure yarashwe mu gitondo c'uyu musi n'igipolisi mu ntara ya Minnesota muri Amerika.

Uwo mudereva yari atwaye umukunzi wiwe mu modoka yabo, yahagaritswe n'igipolisi mu karere ka Falcon Heights , itara rimwe ryo ku ruhande rw'inyuma rikaba ryari ryamenetse.

Abajijwe uruhusha rwiwe rwo kugendesha umuduga, yarambuye ukuboko ashaka kuyikura inyuma mu modoka, uwo mupolisi aca amurasa amasase ane aho ubwo nyene.

Umukunzi wiwe Lavisha Reynolds hamwe n'umwana wiwe bari kumwe muri iyo modoka.

Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightLAVISH REYNOLDS
Image caption Uwundi muntu w'umwirabure yarashwe mu gitondo c'uyu musi n'igipolisi mu ntara ya Minnesota muri Amerika.

Lavisha Reynolds, yagumye yerekana ivyo vyariko biraba ku rubuga rwa facebook.

N'aho iyo video yamaze gukurwako kuri facebook, abantu babandanije kuguma bayishirako.

Iyo video yerekana Philando Castile acikanye, uwo mupolisi nawe ahagaze aguma atera ubwoba Reynolds ko ategerezwa kuguymiza hamwe amaboko yiwe, bitabaye ivyo, na we akamurasa.

Mu nyuma, umupfasoni Reynolds n'umwana wiwe baciye bajanwa ku bureau vy'igipolisi.

Video yerekanye Castile ariko arava amaraso mu gatuntu, mu gihe uwo mupilisi yaguma amutunze inkoho yarikanuye.

Castile yari afise imyaka 32, akaba yari uwurongoye abandi mw'ihoteli itegura imfungurwa z'abana bo mw'ishure ya Montessori.

Umukunzi wiwe yavuze ko yari afise uburenganzira bwo gutunga inkoho.