Umuririmvyi Bosco Niganze yitavye Imana

Bosco Niganze Uwufise ububasha kw’isanamu PEACE AND LOVE
Image caption Bosco Niganze batazira Bobo w'umugwi wa Peace and Love yitavye Imana mw'ijoro ryakeye azize isanganya ry'imodoka

Umwe mu baririmvyi bagendana ubumuga bwo kutabona, bagize umugwi wa Peace and Love, Bosco Niganze batazira Bobo, yitavye imana azize isanganya ry'imodoka.

Bosco Niganze yashinze umugwi Peace anad Love bari kumwe na Vianney Nzigamasabo bose bakaba bafise imyaka 31, kandi bagendana ubumuga bwo kutabona.

Uwufise ububasha kw’isanamu PEACE AND LOVE
Image caption Abagize umugwi wa Peance and Love, Bosco Niganze (uwa gatatu i bubamfu), yambaye agapira gasa n'umuhondo

Bakuriye mw'irerero ry'impfuvyi rya Maison Shalom mu ntara ya Ruyigi, mu buseruko bw'Uburundi.

Indirimbo yabo yatumye bamenyekana cane ikaba ari " Ico Imana yifatanirije", gushika n'ubu ivuzwa cane mu manza z'ubugeni.

Uwufise ububasha kw’isanamu PEACE AND LOVE
Image caption Kuva inkuru yiwe imenyekanye, nta kindi kiyago ku mbuga ngurukanabumenyi za Twitter na facebook

Kuva inkuru yiwe imenyekanye, nta kindi kiyago ku mbuga ngurukanabumenyi, mbere bamwe bamwe bakaba bashimwe gushirako ifoto yiwe.

Umugwi Peace and Love waguma uteramisha abantu muri Karaok mu gisagara ca Bujumbura, no muri iki gihe havugwa umutekano muke Mu burundi.