Ibigwanisho vy'Ubushinwa mu karere karimwo amatati

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igihugu c'ubushinwa camenyesheje ko kitazubahuriza iyo ngingo ya sentare.

Umutegetsi akomeye w'Ubushinwa yavuze ko bafise uburenganzira bwo gushiraho ibigwanisho vyo kwikingira ibitero vyo mu kirere mu karere buvuga ko aro akabwo.

Itangazo ryashikirijwe n'icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire yasohoye itangazo inyuma y'umusi umwe sentare mpuzamakungu ivuze ko atakigaragaza ko akarere k'ibahari yo mu bunanuko bw'Ubushinwa ari ako ico gihugu.

Ubushinwa buguma bupfa n'ibindi bihugu amazinga ari muri ako karere.

Ico gihugu caramenyesheje ko kitazubahuriza iyo ngingo ya sentare.

Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping yavuze ko ubwingenge bw'Ubushinwa hamwe n'uburenganzira bafise mu mazi "muri iyo bahari bitazohutazwa n'iyo ngingo ya sentare" mu nzira iyo ari yo yose.