Abapolisi bane bishwe muri Kenya

Kapenguria map
Image caption Abapoli bane basize ubuzima mu gitero cabaye ku kirindiro ca Kapenguria

Abapilisi bane ba Kenya boba bishwe inyuma y'aho umuntu umwe akekwako iterabwoba yakiye inkoho umupolisi aca arabarasa.

Uwo muntu yari apfungiwe mu gasho inyuma yo gufatwa yagirizwa kwigisha abantu gukoresha imbuga ngurukanabumenyi ya Al-Shabab.

Yaciye ajanwa ku kirindiro c'abapolisi ca Kapenguria, mu buraruko bushira uburengero bwa Kenya.

Kare ikinyamakuru ca Daily Nation cari canditse ko uwo muntu yateye ico kirindiro yitwaje inkoho, ashaka kubohoza mugenziwe yari yafashwe yagirizwa iterabwoba.

Ico kinyamakuru cabandanya candika ko abapolisi batanu boba bishwe.

Uworongoye ico kirindiro Vitalis Ochido bivugwa ko yakomeretse.

Ikinyamakukuru ca Capital FM casubiyemwo umukuru w'igipolisi Joseph Boinnet avuga ko abandi bapolisi benshi barungitswe muri ako karere.

"Uwari yafashwe yagirizwa iterabwoba, na we yafashe inkoho aca atangura kurasa," uko ni ko Boinnet yavuze. "Ico kirindiro ubu kirakikujwe n'igipolisi, ubu tukaba duhanganye na bo."