Demba Ba yavunikiye ukuguru mu kibuga

Demba Ba Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Demba Ba yinjije ibitego 50 mu migwi ya West Ham, Newcastle na Chelsea

Uwahoze ari umukinyi w'imbere w'umugwi wa Chelsea, Demba Ba, yavunitse ukuguru ari mu kibuga mu rukino rw'ihiganwa ryo mu Bushinwa.

Uwo mukinyi wo muri Senegal afise imyaka 31 yagonganje n'umunyegoli w'umugwi bariko barakina mw'ihiganwa ryo mu Bushinwa kuri uyu w'Imana itariki 17, ukwezi kw'indwi.

Ba akinira umugwi wa Shanghai Shenhua yagonganye n'umukinyi w'umugwi wa Shanghai SIPG ku metero zike imbere y'izamu, aho yaciye agwa hasi, ukuguru kwiwe guca kurahindukira bidasanzwe, guca kuravunika ubwo nyene.

Video y'ingene yavunitse, irateye ubwoba uravye uko ukuguru kwiwe kwavunikiye mw'ivi.

Umumenyereza w'umugwi wiwe, Gregorio Manzano, yamaze kuvuga ko ivyamushikiye bishobora gutuma ahagarika gukina umupira w'amaguru.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Muri iki gihe, Ba ni we aza imbere mu bakinyi bamaze kwinjiza ibitego vyinshi mu Bushinwa, n'ibitego 14 mu nkino 18 yakinye.

Demba Ba yarigeze gukinira West Ham, Newcastle na Chelsea, iyo mugwi yose ikaba ari iyo mu Bwongereza, imbere yuko aja muri uwo mugwi wo mu Bushinwa, avuye mu mugwi wo muri Turkia wa Besiktas.

Ico gihe bamuguze amapawundi imiliyoni 12.

Muri iki gihe, Ba ni we aza imbere mu bakinyi bamaze kwinjiza ibitego vyinshi mu Bushinwa, n'ibitego 14 mu nkino 18 yakinye.