Ted Cruz yazomerewe azira kudashigikira Trump

Ted Cruz Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ted Cruz yanse gushigikira Donald Trump

Abaserukiye abandi mw'ikoraniro rikuru ry'umugambwe w'aba republicains muri Amerika, bazomereye Ted Cruz, inyuma y'aho yankiye ku mushigikira ngo abaserukire mu matora ya prezida yimirije.

Ted Cruz, umukenguzamateka w'intara ya Texas, ni we yari asigaye ahanganye na Donald Trumo, inyuma yo gutsindwa mu matora y'ibanze yo mu ntara ya Indiana mu ntango z'ukwezi kwa gatanu.

Mw'ijambo yashikirije muri iryo koraniro, Ted Cruz, yavuze gusa ko yipfuza ko ivyo umugambwe wiwe ushira imbere ari vyo vyotsinda mu matora yimirije.

Abamenyeshamakuru bavuga ko ingingo ya Cruz yo kwanka gushigikira Trump ku mugaragaro, yavuye ku gucanamwo muri uwo mugambwe kubera ku kutumvikana ku mukandida Trump.

Umukuru w'intara ya Indiana, Mike Pence yemeye kuba icegera ca Trump muri iryo koraniro.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Donald Trump ahejeje gushikiriza ijambo, ari kumwe na Mike Pence

Yasiguye neza ivyo yemera n'ivyiyumviro vy'aba conservateurs aca anebagura kahise hamwe n'ubushobozi vya Hillary Clinton, azoserukira umugambwe w'abademokrate.

Inyuma yo kunebagura umupfasoni Clinton, abitavye iryo koraniro baciye baririmba "Lock Her Up" (Afungwe) ku musi ugira gatatu bikurikiranya.