Uburusiya ntibuzoja mu nkino za Olympic i Rio

Yelena Isinbayeva Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Yelena Isinbayeva, yatwaye umudari w'inzahabu mu nkino za Olympic zo mu 2012 mu gusimba urukiramende akoresheje igiti , ari mu banonotsi 68 bunguruje kandi bashobora kutaja mu nkino za Rio.

Abanonotsi b'abarusiya ntibazitaba ihiganwa rya Olympic i Rio inyuma y'aho sentare ijejwe gutatura amatati muri sport yemereje ingingo zafatiwe ico gihugu kubera ivyavuzwe ko reta yabafashije mu gufata imiti yongereza inguvu.

Ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burusiya ryari ryahagaritswe vy'agateganyo n'urwego mpuzamakungu rwo kwinonora imitsi, IAAF, inyuma y'aho icegeranyo ata ho cegamiye cerekaniye ivyemeza ko gukoresha imiti yongereza inguvu vyabaye cane.

Komite ya Olympic y'Uburusiya hamwe n'abanonotsi 68 bari bunguruje kuri iyo ngingo, ariko impande zose zimaze kwumvirizwa, sentare ijejwe gutatura amatati ya Sport, yavuze ko igihano bafatiwe gifise ishingiro.

Ku rundi ruhande, ishirahamwe mpuzamakungu ryo kwinonora imitsi ritegekanya gutera akamo ko gusaba ko ata munonotsi n'umwe wo mu gihugu c'Uburusiya yohonyoza ikirenge mu nkino za Olympic, bivuye ku cegeranyo kigira kabiri kivuga ingene reta yafashije gufata imiti yongereza inguvu.

"Sentare itatura amatati ya sport yemeje ko akanama ka Olympic k'Uburusiya(ROC) ata bubasha bafise bwo kubena abanonotsi boja mu nkino za Rio 2016 uravye ko batagifitiwe icizere na IAAF, co kwitaba izo nkino," nk'uko vyashikirijwe n'umuvugizi.

IAAF bavuze ko " banezerejwe n'uko sentare itatura amatati y'inkino yashigikiye aho bahagaze", ko urwo iyo ngingo " izotuma abanonotsi bahiganwa bose bangana".

Umukuru wa IAAF, Lord Coe, yongeyeko ko "Uyu si umusi wo gushikiriza amajambo y'intsinzi. Sinaje muri sport kugira mbuze abanonotsi kuja mu mahiganwa."

"Inyuma y'inkino za Rio, IAAF izobandanya gukorana n'Uburusiya kugira hagaruke icuka ciza ku banonotsi babo, kugira iryo shirahamwe risubire kwemerwa ryongere rihiganwe."

Urugendo rw'abanonotsi b'abarusiya rurangiye ngaho?

N'aho ico gihugu cafatiwe ibihano, IAAF yaheruka kumenyesha ko bamwe mu banonotsi bari ku rushi bashobora kuja mu nkino za Rio ata ho begamiye, mu gihe bokwiza bimwe mu bisabwa, harimwo kuba baripimishije incuro nyinshi kandi atari mu Burusiya.

N'imiburiburi abanonotsi babiri, uwiruka imetero 800, Yuliya Stepanova hamwe n'uwusimba amakika, Darya Klishina, baramaze kwemeregwa, kandi ingingo ya sentare itatura amatati ya sport, yugururiye amarembo n'abandi ngo bakurikire.

Sentare itatura amatati ya sport yavuze ko ROC bashobora gutora abanonotsi bakwije ibisabwa kugira bazoje guhiganwa ata ho begamiye.

Ariko umuvugizi w'iyo sentare yongeyeko ko bafise amkenga ko baravye umwanya usigaye " bidashoboka ko abo banonotsi bashobora kuba bakwije ibisabwa".

Image caption Ikoreshwa ry'imiti yongereza inguvu mu nkino za Sochi

Uburusiya bwabivuzeko iki?

Abategetsi b'Uburusiya baza bamenyesheje ko bagiye kuraba izindi nzira barekurirwa n'amategeko bocamwo mu gutorera inyishu ico kibazo.

Bivuye kuri iyo ngingo ya sentare, umushikiranganji wo kwinonora imitsi Mutko yavuze ko ikoze ibintu bibi cane, mu guhana abantu mu kivunga kandi icaha co gufata imiti yongereza inguvu cakozwe n'abantu ku giti cabo.

Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu, Dmitry Peskov yongeyeko ko: "Ugufatira abantu mu kivunga ntibishobora kwihanganirwa. Iyo nkuru si nziza namba."