Umunye Syria yiturikirijeko igisase mu Budagi

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Agasaho ka bombe uwiturikirije mu Bugagi yari yitwaje

Mu bumanuko bw'Ubudagi, abategetsi bavuga ko umwiyahuze yiturikirijeko igisase mu kabare, gikomeretsa abantu 12, batatu muri bo bakaba babaye cane.

Bivugwa ko uwo muntu yamuka muri Syria, yari yabuze ubuhungiro mu Budagi mu mwaka uheze.

Ico kisase caturikijwe mu gisagara ca Ansbach, iruhande y'aho batambira umuziki hazwi cane muri ako karere.

Abantu barenga 2000 bavanywe muri ico kibanza.

Bimwe mu bibanza vyo ngaho Ansbach bikikujwe n'abajejwe umutekano.

Ni igitero kigira gatatu kibaye i Bavaria, mu kiringo c'indwi imwe.

Ku musi wa gatanu, abantu icenda baritavye Imana mu gitero c'inkoho mu gisagara ca Munich, no mu misi mike iheze, umusore yitwaje inkota n'ishoka yaragize igitero mw'igariyamoshi.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Bivugwa ko batatu mu bakomeretse bababaye cane