Uwatsindiye agahembo kitiriwe Komla Dumor
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Uwatsindiye agahembo kitiriwe Komla Dumor

Mu myaka myinshi 'Komla Dumor' yafatwa nk'umuntu wa mbere mu gushikiriza amakuru kuri BBC.

Yaza imbere mu bintu vyinshi-yarangwa no gushaka kuvuga inkuru yo muri Afrika mu buryo butandukanye, inkuru irangwa n'uko imeze aho yabereye.

Haraheze imyaka ibiri n'igice tumubuze akiri muto, ariko turacamwibuka biciye mu gihembo ca buri mwaka citiriwe izina ryiwe " World News Komla Dumor award", gihabwa abarushije abandi mu mpano zo kumenyesha amakuru.

Uyu mwaka uwatahukanye ako gashimwe ni umunye Nigeria, Didi Akinyelure.