Sanders: Umupfasoni Clinton ategerezwa kuba prezida

Bernie Sanders Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bernie Sanders yasavye ikoraniro kaminuza ry'abademokrate gushigikira umupfasoni Hillary Clinton

Mw'ijambo yashikirije mw'ikoraniro kaminuza, Bernie Sanders yasavye abademokrate gutorera Hillary Clinton kuba prezida wa Amerika.

Umukenguzamateka wa Vermont yarakomewe amashi iminota itatu yose igihe yafata ijambo i Philadelphie.

"Hillary Clinton ategerezwa kuba prezida wa Amerika," uko ni ko yavuze igihe isinzi ry'abantu ryahaguruka rimukomera amashi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umupfasoni Obama yavuze ko prezida mushasha azoteza imbere ibibondo mu myaka ine canke umunani iri imbere

Umupfasoni Michelle Obama na we yakiriwe n'akamwemwe mw'ijambo rikomeye yashikirije, aho yifatiye mu gahanga Donald Trump.

"Ntihagire uwuzobabwira ko Amerika idakomeye, igikenewe n'ukuguma tubandanya kugikomeza," n'uko yavuze, ashaka kuvuga icivugo ca Trump "Teza imbere igihugu ca Amerika kandi".

"Kubera ivyo, ubu Amerika ni co gihugu ca mbere gikomeye kw'isi," n'uko yongeyeko.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igihe yabasaba gushigikira uwo bari bahanganye mu matora y'ibanze mw'ijambo yashikirije muri iri joro, baciye bashira ivyapa hejuru "Bernie" ari na ko baririmba izina ryiwe.

Hakiri kare ku kagoroba , abakunzi ba Sanders baravugije induru igihe bavuga izina ry'umupfasoni Clinton, azogenwa kuzitoza mu matora y'umukuru w'igihugu ku musi wa kane.

Igihe yabasaba gushigikira uwo bari bahanganye mu matora y'ibanze mw'ijambo yashikirije muri iri joro, baciye bashira ivyapa hejuru "Bernie" ari na ko baririmba izina ryiwe.