France: Umupatiri yafashwe ingwati yiciwe i Rouen

french police Uwufise ububasha kw’isanamu APTN
Image caption Igipolisi cugaye ibarabara rigana kuri iyo sengero

Igipolisi n'ibimenyeshamakuru mu Bufaransa bivuga ko umupatiri umwe yishwe n'abagabo babiri bamusanze mw'isengero, i Rouen, mu Buraruko bw'Ubufaransa.

Abo bagabo bari bitwaje ibigwanisho, binjiye mw'isengero ya Sait-Etienne-du-Rouvray hariko haraba misa, baca bagira ingwati umupatiri n'abandi bantu, nk'uko bimenyeshwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu.

Television y'Ubufaransa ivyuga ko humvikanye inkoho, inyuma y'umwanya muto igipolisi kihashitse.

Abari bafashe abo bantu ingwati bose bishwe.

Ako karere ubu kazungurutswe n'igipolisi, bakaba basavye abantu bose kwigira kura.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, Pierre-Henri Brandet, yavuze ko umwe mubari bagizwe ingwati yakomeretse cane.

Yavuze ko ababafashe ingwati bishwe, bamaze gusohoka bava mw'isengero.

Ubu igipolisi kiriko kirarondera ibisase biturika boba basize muri iyo sengero.