France: Abakuru b'amadini basaba kwongererezwa umutekano

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Umupadiri yishwe n'abagabo babiri bitwaje imbugita ariko arasoma misa

Bivuye ku bwicanyi bwahitanye umupadiri umwe i Normandie ku musi wa kabiri, abarongoye amadini mu Bufaransa basaba kwongererezwa umutekano mu bibanza bakoraniramwo.

Abaserukira abakristu, aba Islam, abayahudi hamwe n'aba Budhiste, babishikirije inyuma yo kugiriranira umubonano na prezida Hollande.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Padiri Jacques Hamel yishwe n'abagabo babiri bitwaje imbugita bamusanze mw'isengero aho yariko arasoma misa yo mu gitondo

Padiri Jacques Hamel yishwe mu gihe yariko arasoma imisa yo mu gitondo mw'isengero yiwe.

Umwe mu bagabo babiri bamwishe, yari yambaye umuringa wo gukurikirana aho ahonyoza ikirenge, baheruka kuba barahagaritse bivanye n'uko babona yigenza.

Ubwo bwicanyi bubaye inyuma y'imisi 12 habaye igitero c'i Nice ahaguye abantu 84.

Umukuru w'idini ya Islam, Dalil Boubakeur, arongoye umusigiti mukuru w'i Paris, yavuze ko abategetsi "bipfuza ko ibibanza dusengeramwo bikwiye kwitabwaho kuvyerekeye umutekano, kwitabwaho bikomeye", mbere ko "n'ikibanza gisanzwe co gusengeramwo" gishobora guterwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abarongoye amadini mu Bufaransa basaba kwongererezwa umutekano mu bibanza bakoraniramwo

Igitero co ku musi wa kabiri cabaye mw'isengero ibayabaye ya Katolika mu micungararo ya Rouen.

Boubakeur yamenyesheje "akababaro afise" kw'izina ry'aba Islam bo mu Bufaransa kubera ico gitero, yagereranije nka " sakirerego".

Musenyeri mukuru wa Paris, Andre Vingt-Trois, yashimagije imigenderanire myiza irangwa hagati y'amadini ari mu Bufaransa.

"Dutegerezwa kwanka kuja mu rukino rwa politike Daesh ishaka kudukwegeramwo," uko ni ko yavuze, ashaka kwerekana uko Islamic State ishaka "kuryanisha abana b'umuryango umwe".

Prezida Francois Hollande kandi yahuye n'akanama kajejwe umutekano no kwivuna abansi ku musi wa gatatu mu gitondo, ubu na ho akaba ariko aragirisha inama reta yiwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu FACEBOOK
Image caption Iyi foto yo kuri facebook vyemezwa ko ari iya Adel Kermiche umwe mubishe uwo mu padiri, yari afise imyaka 19

Umwe mu bishe padiri Jacques Hamel ni we wenyene amaze kumenyekana izina, akaba yitwa Adel Kermiche w'imyaka 19, yari amaze kugerageza incuro zibiri zose kuja muri Syria kugwana mu muhari wa IS.