Etienne Tchisekedi yatahutse i Kinshasa

Etienne Tchisekedi
Image caption Etienne Tchisekedi, umukuru w'umugambwe UPDS yagarutse mu gihugu ciwe ca Congo inyuma y'imyaka ibiri agiye kwivuza mu Bubiligi

Imyuma y'imyaka ibiri atari mu gihugu, umukuru w'umugambwe utavuga rumwe na reta wa UDPS, yasubiye mu gihugu ciwe ca RDC.

Etienne Tchisekedi yashitse i Kinshasa ku mugwa mukuru wa republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, inyuma y'umutaga, aho yari arindiririwe n'abantu isinzi.

Atahutse mu gihe himirije kuba ibiganiro bihuza bose "Dialogue national" aho vyitezwe ko azogiramwo uruhara rukomeye.

Bamwe mu bayoboke biwe bavuga ko ari we bipfuza ko atwara ikiringo mfatakibanza mu gihe prezida Joseph Kabira atotegura amatora ku gihe.

Image caption Abantu benshi bari bahagaze impande z'ibarabara baje kumwakira

Yamaze ikiringo c'isaha yose mu ndege, imbere y'uko yururuka, abajejwe umutekano baguma bakurakuranwa binjira mu ndege yamuzanye bongera basohoka.

Yaciye agana ku muhana iwe, bikaba bitegekanijweko ashikiriza ijambo abayoboke biwe itariki 31 z'ukwezi kw'umunani.