Urwanda rwoba rubandanya gutoza abatera Uburundi?

CNDD-FDD logo
Image caption Umugambwe wa CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi wagiriza Urwanda kubandanya kwigisha igisirikare impunzi

Urwanda ruratungwa agatoke n'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, kubandanya kwigisha igisirikare impunzi z'abarundi ziri mw'ikambi ya Mahama.

Mu kiganiro yahaye radio BBC, umuvugizi w'uwo mugambwe, umukenguzamateka Gelase Ndabirabe, yavuze ko abasirikare b'Urwanda bari kumwe n'impunzi z'abarundi bamaze kw'igisha igisirikare, ubu batonze ku rubibe ico gihugu gihana n'Uburundi.

Izo nyigisho za gisirikare ngo zikaba zibera mw'ishamba rya Nyungwe.

Gelase Ndabirabe kandi yagirije prezida w'Urwanda Paul Kagame ko mu nama y'ubumwe bwa Afrika iheruka kubera mu Rwanda, uwo mukuru w'igihugu yasavye inteko zorungikwa mu Burundi, ariko iciyumviro ciwe nticemerwa.

Image caption Kimwe mu nyandiko abiyamiriza imyimeneyerezo ihabwa impunzi mu Rwanda bari bafise mu myiyerekano

Akanama k'amahoro n'umutekano mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika kari kasavye ko horungikwa abasirikare bashika ku 5.000 kugarukana amahoro mu Burundi , MAPROBA, ariko Uburundi bukaba bwariyamirije iyo ngingo.

Abategetsi b'Uburundi bakaba bari baciye bamenyesha ko baramutse bahahonyoje ikirenge bazobivuna.

Image caption Imyiyerekano yo kwiyamiriza igihugu c'Urwanda imbere y'inyubakwa y'uwuserukira ico gihugu mu Burundi

Imyiyerekano mu gihugu cose ikaba yaratunganijwe yo kwiyamiriza izo nteko.

Twarondeye uruhande rw'Urwanda kugira bagire ico babivuzeko ariko ntiturabaronka.