Obama: Tuzoshikana Hillary Clinton ku ntsinzi

Barack Obama and Hillary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezoda wa Amerika Barack Obama avuga ko Hillay Clinton akwiye kurongora ico gihugu

Prezida Barack Obama wa Amerika yasavye abanyamerika gushikana ku ntsinzi Hillary Clinton mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe, kugira abandanye imigambi yiwe.

Obama yashimagije umupfasoni Clinton mw'ikoraniro kaminuza ry'abademokrate i Philadelphie, nk'umuntu akwiye kurongora igihugu ca Amerika.

Yavuze ko abazitaba amatora bafise guhitamwo icizere n'ubwoba, aho yanebaguye uwo bazohangana wo mu mugambwe w'abarepublicains, Donald Trump.

Trump yishuye yiyamiriza ico cizere ca prezida.

"Igihugu cacu ntikiriyumva nk'igihangange ubu, kubera abantu imiliyoni n'imiliyoni bakiba mu bukene, ubwicanyi n'umwiheburo," ni ko yanditse kuri Twitter.

Obama yavuze ku ntsinzi yagiye araronka zikomeye mu myaka umunani amaze ku butegetsi, aca avuga ko imbere ari heza.

Yavuze uko umupfasoni Clinton ameze, amwita "umurongozi afise imigambi yumvikana yo gukura inzitizi, kandi ishobora guha akarusho n'akaryo buri munyamerika wese".

Obama yavuze ko igihugu ciwe cuzuye ukurinda, agateka n'urukundo, ariko kandi ko atewe amakenga n'amacakubiri y'urukoba hamwe no gucanamwo muri politike.

Ibindi bisa n’ibi