RDC: Uwaciriye urubanza Katumbi yoba yaratewe ubwoba?

Moise Katumbi Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Umwe mu bahamije icaha Moise Katumbi, avuga ko yatewe igitsure mu gufata iyo ngingo

Umucamanza umwe wo muri republika iharanaira intwaro rusangi ya Congo yemeyeko yatewe igitsure n'abakozi b'iperereza hamwe n'abamurongoye mu bucamanza kugira yagirize icaha umunyepolitike atavuga rumwe na reta, Moise Katumbi.

Umucamanza Chantal Ramazani yari umwe mubaburanishije urubanza rwa Katumbi atahari.

Uwo mugwi w'abacamanza bahamije icaha Katumbi, bamucira gufungwa imyaka itatu kuko yagurishije ibintu bidaciye mu mategeko.

Ubu uwo mupfasoni arihishe ahantu.

Avuga ko iyo ngingo ya sentare yari itumbere kubuza uwo mugabo atavuga rumwe na reta kuja mu matora y'umukuru w'igihugu yimirije muri Congo.

Amatora muri ico gihugu ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Moise Katumbi afise umugwi ukomeye w'umupira w'amaguru, Tout Puissant Mazembe

Ntituramenya ico abamutwara mu kazi bavuga canke abajejwe iperereza kuri ivyo abagiriza.

Moise Katumbi ku ruhande rwiwe avuga ko ategekanya kugaruka muri Congo mu mpera z'iyi ndwi.