Clinton: Trump ntiyotorera inyishu y'ibibazo vya USA

Hillary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hillary Clinton yemeye icese guserukira umugambwe w'abademokrate mu matora y'umukuru w'igihugu wa Amerika

Hillary Clinton yamenyesheje ko atanguye urugamba rwo guhangana na Donald Trump, igihe yari ahejeje kwemera ku mugaragaro guserukira umugambwe wiwe mu matora y'umukuru w'igihugu ca Amerika.

Yahamagariye abo mu mugambwe wiwe w'abademokrate kumufata mu mugongo, ari na ko avuguruza uwo bagiye guhanagana Donald Trump, muvyo avuga ko ari we wenyene ashobora gutorera inyishu ibibazo biri muri Amerika.

Yavuze ko abanyamerika bakorera hamwe mu gushika ku bintu biteza imbere igihugu cabo.

Imbere y'aho, umukobwa wiwe, Chelsea Clinton, yari yashikirije ijambo, aho yateye amashurwe nyina wiwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukobwa wa Hillary Clinton yavuze ko nyina wiwe ari umuntu atibagira abo agwanira.

Yavuze ko nyina wiwe ari umuntu atibagira abo agwanira.

"Abantu barambaza buri gihe, ingene ashobora gukora ibintu nk'ibi?... ni kubera atibagira abo avugira," n'uko yavuze.

"Ndazi ata nkeka ko umuvyeyi wanje azotuma twibonera ivyiza."