Burundi: Imyiyerekano yiyamiriza Ubufaransa

Imyiyerekano yari irmo abafise ivyapa vyiyamiriza Ubufaransa
Image caption Imyiyerekano yari irmo abafise ivyapa vyiyamiriza Ubufaransa

Mu gisagara ca Bujumbura hazindutse hatunganywa imyiyerekano yateguwe na guverinoma yo kwiyamiriza igihugu c'Ubufaransa. Ni inyuma y'aho Inama y'Umutekano ya LONI yemeje kuri uyu wa Gatanu icemezo co kurungika abapolisi bagera ku 228 mu Burundi gukingira abanyagihugu.

Ivyo bikaba vyari vyasabwe n'igihugu c'Ubufaransa ari na co mbere categuye integuro y'iryo tegeko.

Mu gisagara ca Bujumbura habonetse abantu benshi babarigwa mu majana bagwiriyemwo abagendesha amakinga yo kwiyunguruza, abategetsi batandukanye n'abashingamateka. Benshi muri bo bari bafise ivyapa vyiyamiriza ubufaransa. Bahereye ku kibanza c'ukwikukira maze berekeza ku biro vy'uwuserukira Ubufaransa.

Image caption Imyiyerekano yabereye mu gisagara ca Bujumbura

Bimwe muri ivyo vyapa vyari vyanditseko ko « Ubufaransa bushaka kuzana mu Burundi abantu bitwaje ibigwanisho kugira bakore jenoside nk'uko vyagenze mu gihugu c'u Rwanda».

Umwe mu bashingamateka batowe mu gisagara ca Bujumbura yagirije Ubufaransa ko igihe bushitse muri LONI bwama buvuga ibitagenda neza gusa ku Burundi ngo kandi ico gihugu ari igihangange giserukira ibihugu bivuga ururimi rw'igifaransa. Uwo mushingamateka ati ntibishoboka ko mu Burundi hazanwa ingabo guhagararira amahobo mu gihe n'Uburundi bufise ingabo zagiye guhagararira amahoro mu bindi bihugu.

Image caption Imyiyerekano yari igwiriyemwo abagendesha amakinga yo kwiyunguruza

Umukuru w'igisagara ca Bujumbura, Fréddy Mbonimpa, nawe nyene yari yifadikanije n'abagira imyiyerekano.

Ikindi naco ni uko ambasasaderi w'Ubufaransa, Gerrit Van Rossum, yishikiye ahariko harabera imyiyerekano kugira arabe ingene vyifashe.

Mu vyapa abigaragamvya bari bafise, habonetsemwo kandi ivyiyamiriza u Rwanda.