Trump: Imyiyamamazo yanje ihagaze neza

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Donald Trump aguma anebagurwa kubera amajambo ashikiriza

Uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ku ruhande rw'aba republicains, Donald Trump arahumuriza avuga ko ata macakubiri arangwa muri uwo mugambwe, n'aho hari inkuru zavuga ko hari igucanamwo.

Ashikiriza ijambo ku mugaragaro mu ntara ya Florida, Trump yavuze ko ukwiyamamaza kwiwe kuriko kuragenda neza.

Ibinyamakuru muri Ameruika vyamenyesheje ko hari ukutumvikano inyuma y'aho Trump asubiririye kwishura nabi abavyeyi baburiye umwana wabo mu ntambara yo muri Irak.

"Nashaka gusa ndabamenyeshe ko imyiyamamazo iriko iragenda neza." uko ni ko yabwiye abitavye ivyo birori vyo kwiyamamaza mu karere ka Daytona Beach.

Paul Manaford, yegereye cane Trump, nawe yari yamiriye kure izo nkuru zavuga ko hari ukutumvikana mu bari mu myiyamamazo, bivuye ku majambo agenda arashikirizwa n'uwo mu kandida.

"Ukwiyamamaza kuriko kuragenda neza, twariteguye, tuguma dutera intambwe imbere," ni ko yabwiye television ya Fox News.

Bamwe mu bafasha Trump mu myiyamamaza bavuga ko "basa nabariko barata umwanya wabo".

Manafort, yanebaguye uwo bahanganye na Trump, umupfasoni Hillary Clinton, ko ari we atangaza izo nkuru.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Manafort avuga ko abantu benshi bizeye Trump

"Aya ni amajambo y'umupfasoni Clinton akwiragizwa n'ibimenyeshamakuru, yavuze ko Trump yagirishije imyiyamamazo ahantu henshi yitabwe n'isinzi ry'abantu, mbere na kure y'ibisagara".

Ku musi wa gatatu, Trump ubwiwe yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko "Hari umwumvikano mu batunganya imyiyamamazo yanje, birenze mbere uko vyari bimeze mu yindi misi yose".

Intambara y'amajambo hagati ya Khizr na Ghazala Khan, abavyeyi ba Humayun Khan yiciwe mu gihugu ca Irak, yatumye abantu benshi bamwinuba mu mugambwe wiwe w'aba republicain.