Ubudagi: Ingingo nshasha zo kugwanya iterabwoba

Germany police Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ububasha bwo gucungera umutekano bugiye kwongerezwa mu Budagi

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Budagi arashikiriza izindi ngingo zo kugwanya iterabwoba, bivuye ku bitero bifitaniye isano n'abagwanyi ba Islamic State.

Vyitezwe ko Thomas de Maiziere asaba ko abicanyi basubizwa iwabo vyihuta hamwe no gukoresha cane ubuhinga bwa video mu gucungera umutekano.

Hari kandi n'umugambi wo kubuza kwambara Bulka mu bibanza bihuriramwo abantu benshi hamwe no guhagarika imfashanyo zahabwa imisigiti itsimbaraye ku matwara ya Islam.

Ukwanka ko abantu bagira ubwenegihugu bubiri hamwe no kugumiza mw'ibanga ivyerekeye amagara y'umuntu biramaze gutera impari mu nama nshingamateka.

"Ivyo nsaba bigarukira ku bintu mbona vyofasha kugarukana umutekano vyihuta," uko ni ko uwo mushikiranganji yavuze."Izindi ngingo zizoharirwako n'imigambwe. Dukeneye ibintu twumvikanyeko mu runani ku buryo bishobora kuja mu ngiro."

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Thomas de Maiziere azoshigikira icipfuzo congwijiza abandi bapolisi bashasha

Ibinyamakuru vyo mu Budagi vyandika ko umugambwe wa SPD usangiye urunani na CDU-wiyamirije bikomeye uguhagarika ubwenegihugu bubiri ku banyagihugu. N'umugambwe uharanira gukingira ibidukikije waravyiyamirije.

Ikibazo c'umutekano cabaye ica politike bikomeye, mu gihe Ubudagi bwitegurira amatora rusangi mu mwaka uza hamwe n'ayandi y'uturere.