Afrika y'epfo ni yo itunze cane muri Afrika

South Africa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubutunzi bw'ivyo bihigu bwaharuwe hisunzwe agaciro k'amafaranga bikoresha ugereranije n'idolali rya Amerika

Igihugu ca Afrika y'epfo ni co gitunze cane ku mugabane wa Afrika mu gihe mu myaka ibiri iheze, Nigeria ari co cari imbere, ariko ibiharuro biherutse gusohoka vy'ingene ubutunzi bwifashe muri ivyo bihugu, Afrika y'epfo yongeye kuza imbere.

Ivyo biharuro bishasha bifatira ku bitangwa n'ikigega c'isi yose FMI, ku mahera ivyo bihugu bibiri vyinjije mu mwaka wa 2015.

Muri uyu mwaka amafaranga akoreshwa muri ivyo bihugu, i rand ryo muri Afrika y'epfo na Naira ryo muri Nigeri aratandukanye ugereranije n'idolali.

Agaciro k'i rand kiyongereye ku bice 16%, mu gihe naira ryatakaje ica kane c'agaciro karyo kw'idolali ya Amerika.

Ariko ntibikabije cane kuko ku miliyaridi 301 ya Afrika y'epfo, irusha Nigeria imiliyaridi 5 gusa.

Ubutunzi bw'ivyo bihugu bibiri ntibwifashe neza namba bivanye n'uko ica kane co mu ntango y'uyu mwaka vyose vyagize ingorane y'ubutunzi.