Leicester yatunguwe na Hull city

Hull v Leicester Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features

Mu Bwongereza ikipe ya Leicester City ifite igikombe cya shampiyona yatunguwe itsindwa 2-1 na Hull ivuye mu kiciro cya kabiri.

Hull ubu nta mutoza ifite kandi benshi babona ishobora kuzamanuka igasubira mu kiciro cya kabiri.

Ibitego bya Hull City byatsinzwe na Adama Diomande na Robert Snodgrass.

Igitego cya Leicester City cyatsinzwe na Riyad Mahrez kuri penaliti yabonetse Demarai Gray amaze gukorerwaho ikosa.

Bubaye ubwa mbere ikipe ifite igikombe cya shampiyona mu Bwongereza itangira shampiyona nshya itsindwa guhera mu 1989 igihe Arsenal yatsindwaga na Manchester United.