Guantanamo Bay: 15 barungitswe muri Emirat Arabes Unies

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko abanyororo basigaye i Guantanamo Bay bashika 61 Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko abanyororo basigaye i Guantanamo Bay bashika 61

Amerika ivuga ko yarungitse abanyororo 15 bari bapfungiwe I Guantanamo Bay mu gihugu ca Emerat Arabes Unies, abanyororo ba mbere benshi bagiye gupfungirwa ahandi ku ntwaro ya prezida Obama.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu bivuga ko iyimugwa ry’abanye Yemen 12 hamwe n’abanye Afghanistan 3, rigabanije igitigiri c’abanyororo bacungiwe muri Cuba gushika ku 61,

Abo barekuwe bari bapfunzwe batagira ico bagirizwa, bamwe muri bo bakaba bari barengeje imyaka 14 bari mw’ibohero.

Prezida Obama ashaka gupfunga iryo bohero imbere y’uko ava ku butegetsi.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyashaka gupfungira abasigaye muri Amerika, ariko inama nshingamateka iguma iburizamwo uwo mugambi.

Obama yemeza ko ibohero rya Guantanamo rituma abitwaza intambara ntagatifu b’aba Islam baronka abanywanyi benshi kandi ko rituma n’agatima ko kwanka Amerika kiyongera.

Mw’ijambo ryo kuri uyu wa mbere, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze: “Amerika irashimira Emirat Arabes Unies ku gikorwa ciza co gushigikira utwigoro twa Amerika two gushaka kwugara ibohero rya Guantanamo Bay.”

Mu kwezi kwa kane, abanyororo icenda bo muri Yemen barungitswe muri Arabie Saoudite.