Hagabwe ibitero vy'abiyahuzu i Puntland muri Somalia

Abarwanyi ba Al Shabaab Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Al Shabaab yarirukanywe mu bice vyinshi vy'imiji muri Somalia, ariko ibandanya kugaba ibitero hirya no hino

Abantu barenga cumi bahitanywe n'igitero c'umwiyahuzi ku biro vya leta vy'akarere mu ntara isa n'iyigenga ya Puntland mu gihugu ca Somalia.

Ababibonye bavuga ko imiduga ibiri itezemwo ibisasu yaturikijwe hanze y'ibiro vy'umuji wa Galkayo.

Ubwonyene haciye humvikana amasasu, bikavugwa ko abajejwe umutekano co kimwe n'abanyagihugu bari muri abo bahasize ubuzima.

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Al Shabaab, wavuze ko abarwanyi bawo aribo bagavye ivyo bitero.

Al Shabaab iramaze kwirukanwa mu bice vyinshi vy'imiji muri Somalia, ariko ibandanya kugaba ibitero kuri leta hamwe n'abanyagihugu, co kimwe no ku basirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika bafasha leta.