Imyuzure mu Buhindi imaze kwomora ibihumbi vy'abantu

Imyuzure mu Buhindi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibice vyinshi vy'uburaruko bw'Ubuhindi birimwo imyuzure

Uruzi Ganges hamwe n'izindi nzuzi nini mu Buhindi ziruzuye bidasanzwe, imyuzure ikaba imaze gutuma ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bata ingo zabo.

Ibice binini biramaze gupfukirwa n'amazi mu ntara zo mu buraruko bw'igihugu, abantu barenga mirongo itatu bakaba bamaze kuhasiga ubuzima.

Benshi baheze hejuru y'inzu bakavuga ko ata vyokura bafise bikwiye hamwe n'amazi yo kunywa.

Abakoresha imbuga hwaniro zo kuri internet banenze umushikiranganji mukuru w'intara ya Madhya Pradesh, yafashwe isanamu ahetswe n'abapolisi amazi abashika hejuru y'ibirenge.

Bamwe bavuze ko iyo nyifato isa n'iy'abakoroni.

Ariko uwundi mutegetsi yamuhagarariye, avuga ko aho bariko baraca hanyerera ngo kandi vyashoboka ko hari inzoka canke udukoko twa scorpion dukomorana.